Ingabo za Onu muri Centrafrique mu mazi abira

car Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abana bakubaguwe bavuga ko vyakozwe n'abasirikare bamuka mu Bufaransa na Georgia

Abasirkare bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique, baragirizwa kubagura abana bo muri ico gihugu.

Inkuru zitangwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AP, uwurongoye akanama kajejwe agateka ka zina muntu muri Onu, Zeid Raad al-Hussein, yemeje ko abana batandatu bandi bakubaguwe n’abasirikare ba Buraya.

Ivyo n’ivyo kuva mu 2014, mw’ikambi y’impuzi y’abateshejwe izabo, iruhande y’ikibuga c’indege ca Bangui.

Ibiro vya Al-Hussein, bivuga ko abategetsi ba Onu babajije abakobwa batanu n’umuhungu umwe.

Umwana w’umukobwa umwe w’imyaka 7 n’umuhungu w’imyaka 9, bavuze ko ababakubaguye ari abasirikare bo mu gihugu c’Ubufaransa.

Abandi bakobwa bavuga ko ababakubaguye bava mu basirikare ba Georgia.

AP ivuga ko Al-Hussein, yashikanye ivyo birego mu nzego za Buraya, Georgia n’Ubufaransa mu ndwi iheze.