Umwana wa mbere mu gisagara ca Ostana mu myaka 28

ostana Uwufise ububasha kw’isanamu Wikimedia Francofranco56
Image caption Igitigiri c'abantu mu gisagara ca Ostana catanguye ku gabanuka inyuma y'intamabara ya kabiri y'isi

Igisagara kimwe kiri mu buraruko bw’Ubutaliyano kirigina ivuka ry’umwana wa mbere kuva mu ntango z’imyaka ya 1980.

Umukuru w’igisagara ca Ostana, kiri mu mitumba ya Piedmont, avuga ko ukuvuka k’uwo mwana ari “nk’indoto zigiye mu ngiro” z’ababa muri ico gisagara.

Igitigiri c’abantu muri ico gisagara caragabanutse cane mu myaka 100 iheze, ubu hakaba hari hasigaye abantu 84 gusa, igice c’abo akaba ari bo baba muri ico gisagara batimukiye ahandi, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru La Tampa.

Uwo mwana yitwa Pablo, yavukiye mu bitaro bimwe vyo mu gisagara ca Turin, ashikanye igitigiri c’abantu 85 c’ababa muri ico gisagara ubu.

Umukuru w’igisaga, Giacomo Lombardo, avuga ko igisagara ca Ostana cari gifise abantu 1,000 mu myaka ya 19,000, ariko batangura kugabanuka inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose.

“Abantu bagabanutse gusumba kuva mu 1975, aho abana 17 ari bo bavutse hagati ya 1976 na 1987, ari na ho umwana wa nyuma w’umuhungu yavuka.” Kuva ico gihe, nta wundi mwana yari bwavuke muri ico gisagara cakiriye Pablo.

Ico gisagara uriko uragerageza guhangana n’ikibazo c’igitigiri c’abantu baguma bagabanuka, mu kubaronderera akazi.

Abavyeyi ba Pablo, Silvia na Jose, bari bateguye kwimukira mu kindi gihugu mu myaka itanu iheze, ariko inkuru zivuga ko bafashe ingingo yo kuhaguma inyuma yo kuronka akazi.

Umusi mukuru ukomeye wateguwe mu gisagara ca Ostana, bigina ivuka rya Pablo, inkuru zitangwa na La Stampa, ifoto y’uwo mwana yamanitswe ku muryango winjira muri ico gisagara kubera icubahiro bamuhaye.