Indege ya Iran yafashe amasanamu y'ubwato bwa USA

iran drone Uwufise ububasha kw’isanamu IRINN VIA AP
Image caption Amasanamu yerekanywe na television ya Irinn

Indege ya Iran itagira umudereva yaraciye hejuru y’ubwato bugendera musi y’amazi(sous marin), bwa Amerika, ifata amasanamu mu gihe bari mu myimenyerezo mu kigobe ca Uajemi, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru ca reta ya Iran.

Amasanamu bivugwa ko ari ayo ubwato bwa Amerika buca musi y’amazi, izina ryabwo ritamenyeshejwe, yerekanywe kuri television y’ico kinyamakuru.

Uwurongoye abasirikare barwanira mu mazi muri Iran, yashimye ico gikorwa co kwegera cane ubwo bwato bugendera musi y’amazi”no gufata amasanamu agaragaza neza abasirikare b’ikindi gihugu.”

Amerika yavuze ko indege itagira umudereva ya Iran, yaciye hejuru ya bumwe mu bwato buca musi y’amazi bwabo, ariko ntiyavuze ko ari yo yoba ivugwa na Iran.

Iyo ndege nta ngorane yateye USS Harry S Truman, ariko iyo nyifato”ntisanzwe kandi nta buhanga bwakoreshejwe”, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters risubiramwo ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igirikare kigwanira mu mazi ca Amerika.

Umupfasoni Nicole Schwegman yavuze ko ivyo vyabaye itariki 12 z’ukwezi kwa mbere, ari na ho Iran yafata umwanya muto abasirikare barwanira mu mazi ba Amerika 10, bari binjiye mu mazi y’ico gihugu.

Inkuru ziva mu kinyamakuru ca Iran, Irinn, ntizivuga ryari iyo ndege yafatiye ayo masanamu, ariko bavuga ko wari umusi ugira gatatu w’imyimenyerezo y’abasirikare barwanira mu mazi.

Itororokanirizo ry’amakuru rya AP, rivuga ko ivyo vyerekana ko vyoba vyashitse ku musi wa gatanu, kuko igisirikare ca Iran kigwanira mu mazi catanguye imyimenyerezo mu ntango z’iyi ndwi.