Ukwubakana kw'abasangiye igitsina muri anglican

anglican Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Justin Welby

Abayoboke b’idini rya Anglican mu Bwongereza, barashigikiye abubakana basangiye igitsina, ugereranije n’uko babibona.

Hagati y’abayoboke b’iryo dini barenga 1,500 babajijwe, ibice 45 kw’ijana bavuga ukubakana kw’abasangiye igitsina vyobandanya mu gihe abashika 37 kw’ijana bavuga ko ari icaha.

Ivyo biharuro vy’ikigo Yougov vyerekana ko hariho ukwongerekana kw’abayoboke b’iryo dini bashigikiye abubakana basangiye igitsina, mu myaka itatu iheze.

Aho ishengero rya Anglicanrihagaze n’uko ukwubakana hagati y’umugabo n’umugore.

Mu myaka itatu iheze, ibiharuro nk’ivyo vya Yougov, yerekanye koi bice 38 kw’ijana y’aba Anglican bari bashigikiye ko abasangiye ibitsina bubakanye, mu gihe abashika 47 kw’ijana bavyamirira kure.

Abadashigikiye uko kwubakana ni abagabo barenza imyaka 55.