Mugabe aragabisha akanama ka Onu kajejwe umutekano

mugabe robert Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Robert Mugabe

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, yasavye ko akanama ka Onu kajejwe umutekano gasubirwamwo.

Avugira mu nama y’ubumwe bwa Afrika iriko iraba mu gisagara ca Addis Abeba, mu gihugu ca Ethiopia, Mugabe yavuze ko abategetsi ba Afrika bafise uburenganzira bwo kuronka ikibanza gikomeye mu gufata ingingo kuvyemerezwa muri ako kanama.

Akomerwa amashi na bagenzi we barongoye ibihugu vyo muri Afrika, uwo muprezida w’imyaka 91, yasavye ko umugabane wa Afrika woronshwa ibibanza bibiri vyamaho muri ako kanama ka Onu kajejwe umutekano.

Mugabe yavuze ko ivyo basaba bidakomeye cane, ku mugabane ufise ufise ibihugu birenga 50 biri muri iryo shirahamwe.

Yavuze ko umugabane wa Afrika udashobora kuguma uronka ikibanza c’agateganyo muri ako kanama, anagabisha ko azivana muri iryo shirahamwe ry’ubumwe mu gihe ivyo asaba bitokorwa.

Yanebaguye inama ya Onu ko ikorehwa, aranagabisa ko mugihe rizotera imbere mu gihe gusa rifashe kimwe ibihugu vyose biririmwo.