Umunyepolitike yasavye ko impunzi zoraswa

germany refugees Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Impunzi mu gihugu c'Ubudagi

Umunyepolitike umwe wo mu gihugu c’Ubudagi yatumye haba agashavu kenshi, inyuma yo gusaba ko abapolisi borekurirwa kurasa impunzi zigerageza kwinjira muri ico gihugu zidakurikije amategeko.

Umukuru w’umugambwe wa Extreme droite wa Alternative for Germany, Frauke Petry, yabwiye ikinyamakuru Mannheimer Morgn, ko azosaba ko abapolisi bokoresha inkoho nk’ingingo ya nyuma.

Amategeko y’Ubudagi ntarekurira umuntu kurasa impunzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Frauke Petry, asaba ko impunzi zogwanywa hakoreshejwe inkoho

Umutegetsi mukuru w’umugambwe wa Social Democrats, yibukije Frauke Petry ko, umunyepolitike wa nyuma w’icahoze ari Ubudagi bwo mu buseruko, yasavye ko impunzi ziraswa, yari Erich Honecker, umtegetsi wa gikominista mu mwaka wa 1989.