Moon arashigikiye irungikwa ry'ingabo mu Burundi

ban ki moon Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ban Ki Moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Onu, Ban Ki-Moon, yabwiye abakuru b’ibihugu ba Afrika ko ashigikiye iciyumviro cabo co kurungika abasirikare 5000 bo kugarukana amahoro mu Burundi.

Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yariyamirije ico ciyumviro, Uburundi bukavugako gurungika izo ngabo bizofatwa nko guterwa.

Ingingo y’uwo mukuru w’igihugu yo kwitoza ubugira gatatu, ni yo yatumye haduka amatati amaze amezi Atari make.

Umukuru w’igihugu ca Gambia, Yahya Jammey, yafashe ubutegetsi abanje gutembagaza reta, yavuze ko adashobora gushigikira ico cipfuzo mu gihe Uburundi butakinezererewe.

Muri iyo nama nyene, prezida wa Tchad yashikirijwe amabanga yo kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, asubiriye Robert Mugabe wa Zimbabwe.