Cruz yatsinze Trump mu ntara ya Iowa

america cruz Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ted Cruz yabaye uwa mbere mu ntara ya Iowa n'amajwi 28%

Umukenguzamateka w’intara ya Texas, Ted Cruz, ni yatahukanye intsinzi mu matora y’uwuzoserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu ca Amerika, mu ntara a Iowa.

Ni yo yabaye amatora ya mbere yerekeye ayo umukuru w’igihugu azoba muri 2016, mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Cruz yaronse amajwi 28 kw’ijana.

“Iyi ni intsinzi ku badahindura ivyiyumviro,” uko ni ko yaciye avuga inyuma y’imenyekana ry’intsinzi yiwe.

Umugwizatunga Donald Trump, yari imbere mubahabwa amahirwe yo gutsinda muri ayo matora, yaje mu kibanza ca kabiri.

Umukenguzamateka w’intara ya Florida, Marco Rubio, yabaye uwa gatatu ata n’umwe yari avyiteze, n’amajwi 23 kw’ijana.

Amajwi y’umugambwe w’aba democrats aracaharurwa.

Ibice 85 kw’ijana vy’amajwi amaze guharurwa bigaragara ko hagati y’amajwi ya Hillary Clinton na Bernie Sanders hari igice kimwe kw’ijana gusa.

Inyuma y’uko ivyavuye mu matora bimenyekaniye, Marco Rubio yakeje Cruz avuga ko ari we ashobora gusubiza hamwe umugambwe w’aba republicains umaze kwicamwo ibice.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Donald Trump yakeje Ted Cruz

Iminota mike inyuma yiwe, Trump na we yaciye amenyeshereza mu kindi kibanza, ko akeje uwo mukenguzamateka wa Texas, avuga ko ashimye kuba yabaye uwa kabiri.

Abitoza babiri bikuye muri ayo matora.

Inkuru ziva mubegereye Martin O’Malley wo mu mugambwe w’aba democrats, yahoze arongoye intara ya Maryland, zashikiriye BBC zivuga ko azohagarika ukwiyamamaza, gutyo habe uguhiganwa bikomeye mu bantu babiri.

Ku ruhande rw’aba republicains, uwahoze arongoye intara ya Arkansas, Mike Huckabee, yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitter, ko agiye guhagarika imyiyamamazo yiwe.