Inkona mu cirwa co gufata indege zitagira umudereva

eagle holland
Image caption Inkona mu gikorwa co gufata indege zitagira umudereva

Abajejwe umutekano mu gihugu c’Ubuhollande batanguye kwigisha inkona gufata indege zitagira umudereva ziri mu kirere.

Muri Video imwe yashizwe ku rubuga, haboneka inkona ifatishije indege imwe itagira umudereva inzara.

Ubu ni bumwe mu buryo buriko burageragezwa n’abajejwe umutekano mu gihugu c’Ubuhollande, mu gutuza ingeso yo kugururira indege zitagira umudereva mu kirere ata ruhusha.

Igipolisi carafashanije n’ishirahamwe rya Guard From Above kwigisha izo nkona.

Izo nkona zirigishwa gufata mwene izo ndege zitagira umudereva zifata ko ari ivyo zirya.

Uwufise ububasha kw’isanamu politie.nl
Image caption Mu misi iheze, indege itagira umudereva yahatswe gutera isanganya rikomeye

“izo nkona zigishwa gufata izo ndege zitagira umudereva n’ivyo zirya, gutyo rero zigaca zihuta kuyicakira vyihuta nk’uko zama zibikora, zigaca zija kuyinyegeza kure,” nk’uko igipolisi kibivuga.

Izo ndege zitagira umudereva zabaye umurengera mu kirere ca Hollande, ubu rero abajewe umutekano w’indege muri ico gihugu, bavuga ko zihungabanya umutekano w’izindi ndege zunguruza abantu.

Mu misi iheze, habuze gato ngo indege itagira umudereva itume haba isanganya rikomeye.

Hari kandi n’ubwoba ko indege nk’izo zishobora gukoreshwa n’abitwaza iterabwoba mu kugira ibitero canke mu guperereza inyubakwa bashaka.

Hari ariko n’impungenge koi zo nkona zishobora gukomeretswa n’amababa y’izo ndege.

Kugira ivyo ntibishike, izo nkona zizokwambikwa ibihuzu biremereye.