Imodoka ikoreshwa n'imishwarara y'izuba muri Uganda

uganda bus
Image caption Imodoka ikoreshwa n'imishwarara y'izuba

Imodoka ikoreshwa imishwarara y’izuba, abayikoze muri Uganda bavuga ko ari iya mbere muri Afrika, yerekanywe iriko iragenda ku mugaragaro.

Iyo modoka ikoreshwa n’imishwarara y’izuba yo mu bwoko bwa Kayoola, ry’ishirahamwe Kiira Motors, yerekanywe ku kibuga ca Uganda, mu gisagara ca Kampala.

Amwe mu mabeteri yayo arashobora kwongererezwa umuriro n’imishwarara y’izuba, ushobora gukoreshwa ibirometero 80.

Abayikoze bashaka kuyereka abipfuza kugura mwene yo modoka bayishimye, kugira baronke isoko rininirya mwene izo modoka kw’isi.

Uwurongoye Kiira Motors, Paul Isaac Musasizi, yabwiye BBC ko yanezerejwe n’uko iyo modoka yageragejwe igihe bayigendesha ubwa mbere.

Abanyagihugu banezerejwe n’uko Uganda ifise ubushobozi bwo gukora imodoka nkiyo, Musasizi akaba avuga ko yipfuza gufasha ico gihugu guhiganwa n’ayandi mashirahamwe akora imodoka muri aka karere.

Yavuze kandi ko iyo ntambwe bashitseko izotuma haronka akazi abantu 7000, gushika mu mwaka wa 2018.

Ariko uwo mugambi ntushobora gutangura hatabonetse imfashanyo y’ayandi mashirahamwe akora ibikoresho vy’imodoka.

Ico dushaka n’uko gushika mu mwaka 2039, iryo shirahamwe rizoba rifise ubushobozi bwo gukora ivyuma vy’imodoka no kubiteraniriza muri Uganda, batarinze kuzera inze.

Image caption Iyo modoka ifise ibibanza 35

Iyo modoka ifise intebe 35, rizokorera mu bisagara bitobito, kubera ibirometero ridashobora kurenza.

Mu gihe iz modoka zogwizwa, imwe yose izogurwa amadollars 58.000, aho Musasizi akavuga ko ari igiciro ciza kw’isoko risanzwe ririko abahiganwa benshi.

Ishirahamwe rya Kiira Motors yatangujwe kubera umugambi wagizwe muri kaminuza ya Makerere, ari imwe mu bafise imitahe muri iryo shirahamwe kandi ikaba yateye imbere kubera imfashanyo ihabwa na reta.