Zika nta kibazo iteye ku nkino za Olympique

brasil olympic Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanonotsi ntibakwiye kugira impungenge ku mugera wa ZIka

Reta ya Bresil yavuze ko inkino za Olympique, itegekanijwe kuba mu kwezi kw’umunani muri uku kwezi, ntizokwungururizwa ku rindi sango kubera umugera wa Zika.

Abategetsi bavuga ko ata mpungenge abanonotsi n’abarorerezi bogira, ko zogora gusa abagore bibungenze.

Ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu, WHO, ryari ryagabishije ko uwo mugera wa Zika ari ikibazo gikomeye ku magara y’abanyagihugu kw’isi, isaba ko n’abantu bokwiyubara.

Iryo shirahamwe risaba ko ibihugu vyose vyofatana mu nda mu kurwanya uwo mugera.

Uwo mugera utuma havuka abana bafise umutwe muto n’ubwenge budakwiye.

Abahinga baragabishuje ko uwo mugera uterwa n’umubu, uriko urakwiragira cane muri Amerika y’epfo, utema ugatongora.

“Ni ngombwa ko dusigurira neza abariko baritegura kuza muri Bresil, abanonotsi, ko ata ngorane n’imwe bazogira ni baba Atari abapfasoni bafise imbanyi,” nk’uko Jacques Wanger, umuvugizi wa Prezida Dilma Rousseff, yabibwiye Reuters.

Prezida Rousseff yari yasavye abagenduzi b’amagara y’abantu n’isiku, gukoresha inguvu zose, bikenewe binjire no mu mau y’abantu bwite, kugira bakure aho hantu hose hashobora kwinyegeza imibu, cane cane mu mazi ateze ahantu.

Abo bagenduzi barafise uburenganzira bwo gutabaza igipolisi mu gihe bikewe.

Abasirire barenga 200,000 bariko barafasha muri ico gikorwa.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Bresil, buvuga ko ibice 25 kw’ijana vy’amazu imiliyoni 49 muri ico gihugu, ziramaze gusuzumwa.