Umunani bakomerekeye mu bitero mu gisagara ca Bujumbura

bujumbura explosions
Image caption Ibisase ntezwantoke bitatu bitewe mu gisagara ca Bujumbura

Abantu umunani bakomerekeye mu bitero vy'ibisase ntezwantoke bitatu, vyagizwe ku mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru ya Poste na Lumitel, mu gisagara ca Bujumbura.

Bibiri vyaturitse isaha 12:15 z'umurango, ikindi kimwe kikaba catewe ku gituro c'imodoka zunguruza abantu baja mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura inyuma y'iminota mirongo ibiri.

Image caption Abajejwe umutekano baciye bazibira amabarabara

Abajejwe umutekano baciye bashika bazibira n'amabarabara, hakaba hari n'abikekwa babiri baciye bafatwa ku mvo z'amatohoza.

abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro n'igipolisi c'Uburundi.