Zika ifatira mu mibonano mpuzabitsina muri Amerika

zika texas Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuntu yandukijwe Zika ntiyigeze ava mu gihugu

Muri Amerika, habonetse umugera wa Zika ufatira mu mibonano mpuzabitsina hakwandukizwa n’umubu nk’uko vyari bisanzwe bizwi.

Umurwayi yandukijwe uwo mugera I Dallas, mu ntara ya Texas, bishoboka ko yayanduye biciye mu mubonano mpuzabitsina, nk’uko ikigo gishinzwe kurwanya iyo ngwara(CDC), cabibwiye BBC.

Uwo muntu ntiyigeze aja mu turere turimwo uwo mugera, ariko umugenzi wiwe yari amaze imisi mike avuye mu gihugu ca Venezuela.

Umugera wa Zika ukwiragizwa n’imibu, bigatuma abana bavuka bafise imitwe mito n’ubwenge buke.

Uwo mugera uragwiriye cane muri Amerika, n’ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS riza ryatangaje ko isi yohagabira.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umugera wa Zika utuma umwana avuka afise umutwe muto

Ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi Croix rouge muri Amerika risaba abantu bavuye mu turere turimwo uwo mugera wa Zika, ariko bashaka gutanga amaraso, kurindira n’imiburiburi imisi 28, imbere yo gutanga amaraso.

Izo mpanuro zihabwa ahanini abantu bagaruka muri Amerika bavuye Mexico, mu mazinga ya Caraibe canke muri Amerika yo hagati, mu ndwi zine ziheze, nk’uko iryo shirahamwe ryabimenyesheje.

Hari kandi abandi bantu babiri vyemejwe ko bafise umugera wa Zika mu gihugu ca Australia.

Abategetsi bavuga ko abantu babiri b’I Sydney basanze bafise uwo mugera, bagarutse bavuye muri Caraibe mu misi iheze.

Uko kwandukira kwa Zika I Dallas, bizoba bibaye ubwa mbere bishika muri Amerika, n’aho intara ya Texas yavuzwemwo abandi bantu indwi bafise uwo mugera, bose baje bava ahandi.

Anne Schuchat, icegera c’umuyobozi wa CDC yavuze ko buzoba bubaye ubwa mbere haboneka umuntu afise uwo mugera atigeze ava mu gihugu.

“Ntitwibaza ko yanduye ariwe n’umubu, ariko turemera ko turemeza ko yanduye inyuma y’imibonano mpuzabitsina.”

Inkuru zitanzwa na CDC zivuga ko inzira nyayo yo kwikingira ni “ ukwiyubara nturibwe n’umubu no kutaryamana n’umuntu yamaze kwandura uwo mugera wa Zika”.

Si ubwa mbere haba umuntu yanduye uwo mugera biciye guhuza ibitsina.

Ishirahamwe rya CDC ryamenyesheje ku rubuga rwaryo ko mu mwaka wa 2013 haravuzwe umuntu yanduye uwo mugera ari uko agize imibonano mpuzabitsina mu ntara ya French Polynesia.

Iryo shirahamwe rihanura abapfasoni bibungenze kutaja mu bihugu vyinshi birimwo uwo mugera.