Urwanda ruragirizwa gutoza abatera Uburundi

security council Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Akanama ka Onu kajejwe umutekano

Inyandiko zo mw’ibanga z’ishirahamwe mpuzamakungu Onu ziragiriza Urwanda kwijiza no kwigisha mu bagwanyi impunzi z’abarundi mu ntumbero zo gukura ku butegetsi prezida w’uburundi, Pierre Nkurunziza.

Inkuru zitangwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters, ico cegeranyo c’abahinga ba Onu bakurikiranira hagufi ibihano vyafatiwe igihugu ca RDC, kivuga ko izo nyigisho zitangigwa mw’ikambi iri mw’ishamba mu gihugu c’Urwanda, nk’uko vyandikwa na Reuters.

Abo bahinga bavuga muri ico cegeranyo ko bavuganye n’abarwanyi 18 b’abarundi, mu buseruko bw’intara ya Kivu yo mu Bumanuko, mu gihugu ca RDC, nk’uko bibandanya vyandikwa n’iryo tororokanirizo.

“Bose babwiye uwo mugwi ko binjijwe mu barwanyi bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, mu buseruko bw’Urwanda mu kwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu mu mwaka 2015, baca bigishwa igisirikare amezi abiri, kandi mu babigisha harimwo abasirikare b’Urwanda,” uko ni ko Reuters isubiramwo ivyanditse muri ico cegeranyo.

Image caption Umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire Louise Mushikiwabo

Umushikiranganji w’imigenderanire w’Urwanda, Louise Mushikiwabo yavuze ko “amatati ari mu Burundi arakomeye, kandi abategetsi b’Uburundi babivuga uko bashatse, amakungu yokwitaho ico kibazo vyihuta vyoba vyiza, haguhiga abo babitako.”

Yongeyeko ko ubu, birahambaye kumenya ko kwakirira impunzi hagufi y’igihugu cabo, vyama misi yose bigoye, kandi ko reta y’Urwanda yarafashe ingingo yo kubuza impunzi z’abarundi kuja iyo bashatse hose.

“Ivyo birego ata ho bihagaze bifatira kuba Urwanda rwarahaye indaro impunzi zitavuga rumwe n’ubutegetsi, ariko ntidushobora kubasubizayo kiretse bigaragaye ko bashobora gukingirwa umuekano.”

Umushikiranganji Mushikiwabo kandi yavuze ko kwitaho ko abarundi boryama bagasinzira ni co gikwiye kuraza ishinga Onu, ibisigaye vyose vyari vyitezwe canke bigaragara, ni uguca iruhande y’ikibazo nyaco.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Onu ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kubura ubuzima kuva mu kwezi kwa kane

Uburundi buri mu matatu kuva mu kwezi kwa kane, kuva aho prezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azitoza mu kiringo kigira gatatu co kurongora igihugu, amatora yatinze aba yongera aratsinda.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Gen Godefroid Niyombare, yari arongoye abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi

Yarahatswe gutembagazwa ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu na bamwe mu basirikare, harimwo n’aba generaux baherutse gucibwa urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwabo bose.