Abambuye impuzu umunye Tanzania mu Buhinde bahagaritswe

india students
Image caption Imodoka y'abo banyeshure yaturiwe

Abagabo ban bagirizwa gutera no gukura impuzu umunyeshure w’umwigeme ava mu gihugu ca Tanzania, bahagaritswe, nk’uko bimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru AP.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubuhinde n’amakungu, Sushma Swaraj, yanditse ku rubuga rwa Twitter, ko yababajwe cane “n’ivyo bintu biteye isoni” vyashitse ku musi w’Imana, mu karere ka Bangalore.

Umupfasoni Swaraj yavuze ko igipolisi cafashe abakekwako ico caha bane, bazoca bitwarigwa.

Ugisagara ca Bangalore hari ishure ry’ubuhinga no guhanahana amakuru mu gihugu c’Ubuhinde.

Abanyeshure bava muri Afrika mu gisagara ca Bangalore bavuga ko bafise ubwoba bwo guterwa.

Bosco Kaweesi, umuhanuzi mu vyo amategeko w’ishirahamwe ry’abanyeshure bava ku mugabane wa Afrika, avuga ko abandi banyeshure batatu bava mu gihugu ca Tanzania, bari kumwe n’uwo mwigeme mu modoka, na bo bakubiswe.

Imodoka barimwo yaraturiwe.

Kaweesi avuga ko ivyo vyabaye bihenze, avuga ko imodoka abo banyeshure barimwo yariko irakurikira iyindi modoka yarimwo umunyeshure ava muri Sudan, yari ihejeje kugonga no kwica umupfasoni umwe yari aryamye ku nkengera y’ibarabara.

Abo banyeshure ntibamenye uwo wundi munyeshure w’umuhungu ava muri Sudan, na we nyene yakubiswe n’imodoka yiwe iraturigwa.