Obama yanebaguye abavuga nabi Islam

obama islam Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Obama mu nama n'aba Islam

Prezida Barack Obama yanebaguye cane ivyo yise amajambo mabi ku ba Islam, afatiye kuvyavuzwe mu misi iheze n’uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republicains, Donald Trump.

Mu rugendo rwiwe rwa mbere mu musigiti nka prezida, Obama yavuze ko amajambo mabi ku ba Islam atemewe mu gihugu ca Amerika.

Yashimiye abanyamerika b’aba Islam ko bafise icubahiro n’urukundo rw’igihugu cabo.

Trump yasavye ko aba Islam batosubira kwemererwa kwinjira muri ico gihugu ca Amerika.

Ivyo Obama abivugiye mu musigiti uri mu gisagara ca Baltimore, mu ntara ya Maryland, ahari aba Islam benshi.

Yaratemberereye imisigiti mu turere tutari duke kw’isi, mu ngendo yagize mu myaka indwi amaze ku butegetsi.

Ibiro vya prezida vyamenyesheje ko urwo rugendo ari urwo kwerekana ko hari ukwishira n’ukwizana kw’amadini, no kwiyamiriza imvugo yo kutihanganiranira ku nkewa.

Obama yavuze ko azi neza ko aba Islam muri Amerika babatako umwikomo kubera ibikorwa n’abantu bari ku rushi.

“Abanyamerika benshi ntibazi aba Islam,” n’uko yavuze.

Benshi bumva aba Islam na Islam mu binyamakuru inyuma y’ibitero vy’iterabwoba canke mu kinayamakuru gihayagiza Islam, TV canke mbere film.

Prezida Obama, mu ntango y’intwaro yiwe yiyemeje kugarukana imigenderanire hagati y’aba Islam mu bihugu bagwiriyemwo, inyuma y’intambara ya Irak.