Hari umuntu yajugunywe hasi ava mu ndege muri Somalia?

somalia plane
Image caption Abaraba uruja n'uruza rw'indege muri Somalia bavuga ko batarabona ivyemeza ko iyo ndege yarimwo ibombe

Igipolisi mu gihugu ca Somalia bariko baragira amatohoza yo kumenya nimba ikiziga c’umuntu catowe hagufi y’ikibuga c’indege ca Mogadishu, yoba yajugunywe ava mu ndege.

Abapolisi bikeka ko indege imwe yaguye kuri ico kibuga ku wa kabiri ifise igitoboro.

Iyo ndege y’ishirahamwe rya Daallo, yaguye ikitaraganya inyuma y’aho itobokeye mu rubavu.

Hari havuzwe ko abantu bose bari muri iyo ndege bari bakwiye, ariko mu nyuma biza kumenyekana ko hashobora kuba hari umuntu umwe yoba yarakorokeye hasi kubera ubudasa bw’umuyaga uri mu ndege no hanze yayo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Iyo ndege y'ishirahamwe Daallo, yaguye ikitaraganya ku kibuga c'indege c'i Mogadishu

Ababa mu kigwati kimwe kiri hagufi y’ikibuga c’indege, bavuga ko batye ikiziga c’umuntu umwe bibaza ko yari muri iy ndege.

Igipolisi gicungera ikibuga c’indege batanguye amatohoza kugira bamenye icateye urwo rupfu.

Hari kandi ubwoba bujanye n’icatumye haba ikintu giturika muri iyo ndege, umwanya mutoya ihejeje kuguruka iva kuri ico kibuga ca Mogadishu.

Uwari atwaye iyo ndege avuga ko shobora kuba yari bombe.

Abakozi baraba uruja n’uruza rw’indege barahakana ko batarabona ivyemeza ko muri iyo ndege harimwo ibombe.

Abari mu ndege barakwiye gushimira Imana kuko iyo ndege yashoboye kugwa kuko itari bwashike kure mu kirere.

Abaraba uruja n’uruza rw’indege bavugako, iyo iyo ndege yaba yaduze hejuru mu kirere cane, yaca imenagurika igatuma haba ibintu vyinshi vyononekara n’abantu bnshi bapfa.

Abarwanyi ba Al-Shabab bahora bagira ibitero rimwe na rimwe kuri ico kibuga c’indege mpuzamakungu ca Mogadishu. Hari indege zike zigira uruja n’uruza kuri ic kibuga.