Umutamakazi yafashwe ariko arakina akamari

thailand Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umutamakaz w'imyaka 84 yafashwe akina akamari

Igipolisi mu gihugu ca Thailande cafashe umutamakazi w’imyaka 84 igihe bariko barasaka amazu akinirwamwo akamari mu gisagara ca Pattaya.

Abantu 32 b’abanyamahanga bafatiwe muri ico gikorwa cakozwe batateguje.

Reta ya gisirikare muri ico gihugu iriko iratuza iyo ngeso iriko iragwirirana yo gukina akamari, irenga ku mategeko y’igihugu.

Abo bantu bafatanywe amakarata menshi arenze urugero zitaremezwa n’ibiro bijejwe urwo rukino muri ico gihugu.

Muri abo banyamahanga 32, 12 ni abongereza, 3 abo muri Norvege, 3 bo muri Suede, 2 bo muri Australia, umudagi umwe, uwo muri Danmark umwe, umunye Canada umwe hamwe n’umunye Nouvelle Zelande umwe nyene.

Iyo nzu ikinirwamwo akamari itazwi n’amategeko yamenyekanye inyuma y’aho umuntu umwe abwiriye akanama kajejwe kuranya ibiturire ko ihari.

Bagirizwa kurenga ku mategeko yo mu 1935, ritemerera umuntu lkugira ikarata zirenga 120 hadakurikijwe amategeko.

Igihugu ca Thailande gifise amategeko akomeye agenga gukina akamari.