Imyaka 25 y'ubumwe bw'abarundi

burundi unity
Image caption Icibutso c'ubumwe bw'abarundi

Abarundi hahimbajwe imyaka 25 iheze bemeje amasezerano y’ubumwe yo kudasubira gucanamwo bafatiye ku moko.

Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yawuhimbarije mu ntara ya Karuzi ku bilometero 160 uvuye ku murwa mukuru Bujumbura ku civugo ‘’ubumwe n’isoko ry’ivyiza vyose’’

Yasavye abari mu birori guhagaruka bakamara umunota mu gacerere bibuka abantu bose bazize ubwoko bwabo mu ‘’1961,1962,1965,1972,1988,1991 na ,1993 kubandanya’’.

Image caption Prezida Pierre Nkurunziza yavuze ko i Karusi berekanye akarorero mu gufatana mu nda

Prezida Nkurunziza yavuze ko yahisemwo guhimbariza uwo munsi mu ntara ya Karuzi kuko ‘’mwaciye mu mageragezwa adasanzwe. Ariko mwaratahuye igisumba ikindi.”

Yemereye abanyakaruzi kuzobaronderera ikidari ngo kuko uyu mwaka ‘’mwabaye mu bambere mu guhagararira ubumwe bw’abarundi’’.

Mu minsi iheze television y’abafaransa France 3 yerekanye amasanamu ivuga ko ari ay'abantu bariko barahicirwa bahorwa ubwoko.

Iyo television yarasavye imbabazi.

Image caption Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, Joseph Butore ni we yarongoye ibirori vyo mu gisagara ca Bujumbura

I Bujumbura icegegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore n’abashikiranganji babiri hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ni bo bari muri ivyo birori.

Abaserukiye amadini ya Katolika , Anglikani na Islam bavugiye igisabisho ku cibutso c’ubumwe. Joseph Butore yaserukiye reta yagarutse ku ruhara rw’Ububiligi bwahora butwara Uburundi gikoroni mu kubiba amacakubiri muri iki gihugu.

Amazezerano y’ubumwe yemejwe ku wa 5/02/1991 inyuma y’ubwicanyi bufatiye ku bwoko bwo mu 1988.