Al-Shabab yigaruriye ikivuko ca Merca

somalia al-shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarwanyi ba Al-Shabab bigaruriye igisagara ca Merca

Abarwanyi ba al-Shabab, bigaruriye ikivuko ca Merca, nk’uko bivugwa n’abahaba.

Merca iri ku birometero 100 uvuye ku mugw mukuru, kikaba ari co gisagara kinini kigenzurwa na Al-Shabab.

Ingabo z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zari zimaze imyaka itatu n’igice muri ico gisagara, zavuyeyo mu gitondo co ku musi wa gatanu.

Umukuru w’intara ya Lower Shabelle, Ibrahim Adam yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko abarwanyi ba Al-Shabab bafashe ico gisagara ata migwano ibaye.

“Abasirikare ba Amisom bagiye isaha zitandatu z’umurango, hanyuma abategetsi bo mu nzego zo hasi n’inzego za Somalia zijejwe umutekano, bagenda inyuma y’iminota mike, hanyuma abagwanyi bafise ibirwanisho bikomakomeye baciye binjira muri ico gisagara,” Ibrahim Mumim aba ngaho ni ko yabwiye AFP

“Bashikirije ijambo abanyagihugu ku cicero ry’ako karere,” ni ko yongeyeko.

Gutakaza ico kibanzu, ni agahombo gakomeye ku ngabo za Afrika mu ntamabara imaze imyaka irenga cumi ibahuza na al-Shabab, nk’uko bivugwa n’abaraba ibintu n’ibindi.

Al-Shabab yirukanywe mu gisagara ca Mogadishu mu 2011, ariko bagumana ibirindirpo mu turere tutari duke two mu bumanuko bwa Somalia kandi kenshi bakagira ibitero hirya no hino mu gihugu.