Amafoto 198 y'abahohotewe yerekanywe muri USA

america
Image caption Imwe mu mafoto yashizwe ahabona

Amafoto 200 yerekana n’ivyo bavuga ko ari ibikorwa bibi vyakozwe n’abasirikare ba Amerika mu bihugu vya Irak na Afghanistan mu myaka cumi iheze, yerekanywe na reta ya Amerika.

Izo foto zerekanye kubera vyasabwe n’ihuriro ry’abaharanira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru muri Amerika, ACLA.

Izo foto zerekana aho abafungwa bashishutse n’aho babatemye ku maboko no kumaguru.

Ivyo bikorwa bibi vyamenyekanye mu 2004, aho igihe hagaragara ifoto z’abanyamerika bariko barashurashuza abapfungwa wa Abu Ghraib mu gihugu ca Irak.

Nta foto n’imwe yerekanywe ku musi wa gatanu yerekana abafungwa ba Abu Ghraib, canke mw’ibohero ry’I Guantanamo Bay mu gihugu ca Cuba nk’uko amerika ibivuga.

Umuvugizi avuga koi zo foto zavuye kubagira amatohoza bigenga ku mabi yakoze ku bivugwa vyo kwigenza nabi ku basirikare ba Amerika.

Ibikorwa 14 vyaremejwe ko vyabaye bituma hahanwa abasirikare 65.