Twitter yafuse amakonte ya IS

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Urubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter, rwavuze ko rwahagaritse amakonte 120,000 ahamagarira abantu gusubiranamwo hagati mu mwaka uheze.

Bavuga ko nyishi muri ayo makonte yari ayo umugwi w’iterabwoba wa Islamic State.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Twitter yavuze ko, kubera iyo ngingo, uguhanahana amakuru y’iterabwoba vyatanguye kuva kuri urwo rubuga.