Bane bazize igitero mu bunywero i Bujumbura

burundi soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kuva hatanguye kuba ibitero bitandukanye, igisirikare ni co gicungereye umutekano mu bibanza bimwe bimwe

Abantu bane bitavye imana batewe igisase ntezwantoke mu gisagara ca Bujumbura bari mu bunywero.

Muri abo bitavye Imana harimwo n’umwana yariko aragurisha amagi atetse.

Nta n’umwe ariyitirira ico gitero.

Ku musi wa gatunu, umugwi w’abarwanyi wa FOREBU wavuze ko ari co kiriko kiragira ivyo bitero vyari bimaze guhitana abantu batanu, muri bo harimwo abajejwe umutekano.

Abantu 400 baramaze kwitaba Imana bazira ibitero n’imyiyerekano kuva mu kwezi kwa kane, aho prezida Pierre Nkurunziza yavuga ko azitoza kurongora ikiringo ca gatatu.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ririko riragerageza kugondoza Prezida Nkurunziza ngo yemere abasirikare b’ityo shirahamwe 5,000 boza kugarukana amahoro mu Burundi, ariko ivyo yaravyanse.