Obama ngo ntafata minenerwe umugera wa zika

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption "Naho umugera wa zika utica nka ebola, uteje impungenge ku bagore bibungenze"

Umukuru wa Amerika, Barack Obama, avuga ko agiye guhangana na Zika, akaba yasavye inama nshingamateka imiriyaridi 1.8 z'amadolari.

Bwana Obama yavuze ko uwo mugera, vyibazwa ko ariwo utuma abana bavukana ubumuga muri Brezil, utameze nka Ebola ngo kandi nta bantu wica.

Ariko yavuze ko bigaragara ko uteje ibibazo bikomeye abagore bibungenze.

Ku kirimba ca White House, abajejwe ivy'amagara bavuga ko bizotwara imyaka imbere yuko haboneka urukingo rw'iyo ndwara.

Imfashanyo ya Amerika yofasha mu kugabanya imibu, kurondera urukingo hamwe no kwongereza ubufasha ku bagore bibungenze bafise ubushobozi buke.