Turkiya ishaka gufasha impunzi muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imirwano mu micungararo ya Aleppo muri Syria irakomeye cane

Mu gihe ibitero vya leta ya Syria bibandanya mu micungararo y'umuji wa Aleppo, Turkiya ivuga ko ishaka gufasha impunzi ziri hagati muri Syria.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere yavuze ko abanye Syria ibihumbi mirongo indwi n'indwi bariko barafashirizwa muri Turkiya mu nkambi ziri hafi y'urubibe.

Yagabishije ko iki gitigiri gishobora kwiyongera kigashika ku bihumbi amajana atandatu.

Kare umu Chanceliere w'Ubudage, Angela Merkel, aho yari mu rugendo muri Turkiya yavuze ko atewe impungenge cane, n'umubabaro uriko uraterwa n'ibitero vy'indege z'Uburusiya mu micungararo ya Aleppo.