Benshi bazize isanganya rya gariyamoshi mu Budagi

Igariyamoshi zibiri zitwara abantu zagonganye mu ntara ya Baviere, igipolisi kikaba kivuga ko abantu benshi bahasize ubuzima abandi barenga mirongo ibiri barakomereka.

Iryo sanganya ryabereye I Bad Aibling, igisaraga igariyamoshi zishikiramwo, nko ku birometero 60 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Munich.

Imwe muri izo gariyamoshi yatembagaye muri iryo sanganya ivyo yari ikweze vyose inyuma biraba hejuru, nk’uko bivugwa n’ibinymakuru vyo mu Budagi.

Izo gariyamoshi zoba zasekanye zirabana. Abajewe gutabara bakoresheje kajugujugu bamaze kuhashika.