Mandla yinjiye Islam, azana n'umugore wa kane

mandla south africa Uwufise ububasha kw’isanamu MandlaMandela
Image caption Umwuzukuru wa Nelson Mandela, Mandla, w'imyaka 42 yinjiye idini rya Islam, azana n'umugore wa kane

Umwuzukuru w’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Nelson Mandela, Mandla, w’imyaka 42, yinjiye mw’idini rya Islam, aca azana n’umugore agira kane w’umu islam.

Mandla y’ubakanye n’umugore agira kane, Rabia Clarke, mu musigiti umwe wo mu gisagara ca Cape Town, muri Afrika y’epfo, mu mpera y’indwi iheze.

Uwo mukuru w’abantu bo mu bwoko bw’aba Mvezo, akaba ari n’umushingamateka, yasohoye itangazo, aho yashimira umuryango wa Rabia kuba bamuretse akwubakana n’umwana wabo.

“Ndashimiye cane umuryango wa Rabia kuba banyakiriye mw’idini rya Islam.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Mandla Mandela
Image caption Mandla Mandela ari kumwe n'umugore wiwe wa kane

Hari video iri ku mbuga ngurukana bumenyi, yerekana uwo samuragwa wa sekuru wiwe, ariko aravuga “Allah Akbar” bisigura”Imana ni nkuru kandi nta muntu n’umwe afise ubushobozi buyiruta”

Sheikh Ibrahim Gabriel yahezagiye ubwo bugeni mu musigiti wa Kensington ku musi wa gatandatu, yemeje ko Mandla yinjiye mw’idini rya islam mu mwaka uheze, kandi ko ubwo bugeni bwahezagiwe nk’uko bitegekanijwe muri iyo dini.

Abantu benshi bakoresha imbuga ngurukanabumenyi, baribajije nimba ubudasa buri hagati y’abo bantu babiri bubakanye buzotuma ubwo bugeni buhagarara.