Umushingwamanza yitwariye ikimana co mu Buhinde

ram Uwufise ububasha kw’isanamu style
Image caption Ram ni kimwe mu bimana bisengwa n'abantu benshi mu Buhinde

Umushingwamanza umwe mu gihugu c’Ubuhinde, yatangaje abantu benshi mu kuja muri sentare kwitwarira Ikimana citwa Ram abahinde benshi basenga.

Uwo mushingwamanza, Chandan Kumar Singh avuga ko “Ikimana Ram casuzuguye umugore waco Sita”.

Ashaka sentare yo mu karere ka Bihar, mu buseruko bw’Ubuhinde, ivyemeze.

Ram ni icamamare muri Ramayana, icivugo gifise ibihimba 24,000, canditswe mu rurimi rwa Kisanskrit.

Gisengwa n’abantu amamiliyoni n’amamiliyoni mu Buhinde no kw’isi yose.

Uwufise ububasha kw’isanamu Hemendra Kumar Singh
Image caption Chandan Kumar Singh avuga ko uko Ram yafashe Sita, bigaragara ko abapfasoni batubahwa na kera

Singh avuga ko urubanza rwiwe rufise ishingiro.

Asubiramwo ivyanditswe n’ibitabo vy’idini mu kubisigura.

“Birazwi neza ko Ram yashatse ko Sita yemeza ko akiri mweranda, inyuma y’aho amukuriye mu ngoyi z’umwami mubi Ravana. Ntiyemeye Sita” Singh ni ko yabwiye BBC.

Urubanza rwiwe rwa mbere rwarasubijwe inyuma na sentare, ariko avuga ko zosubira kwitwara.

“Uko Ram yafashe Sita, biboneka ko abapfasoni batubahwa na kera. Ndazi ko ibi bizoboneka nk’ikibazo c’ubujuju, ariko ni ngombwa ko tuganira ku migenzo yacu y’idini. Nzosubira nitware kuko ndemera ko abahindi bemere ko Ram yamaramaje Sita.”

Singh yahakanye yivuye inyuma ibivugwa ko yironderera kumenyekana gusa.

Yavuze ko abantu badashobora kubandanya kuganira ivyerekeye kwubaha abapfasoni, mu gihe bizwi neza koi co kimana gisengwa na benshi kitigeze cubaha umugore Waco.

Ico gikorwa ciwe caranebaguwe na benshi, mbere no mu bagenzi biwe.

Bamwe baragabishije ko bashobora kumwitwarira abandi ko bazosaba ishirahamwe ry’abashingwamanza kumwaka uruhushwa rwo gukora ico gikorwa.

“Tubona Ram na Sota co kimwe kandi tuasenga uko bameze twese. Nta kibazo co kwemera ko Ram yasuzuguje Sita,” ivyo vyavuzwe na Ranjan Kumar Singh, umwe mu batemera ivyo avuga.