Abarenga 26 bakomerekeye mu gitero ca grenade mu Burundi

Image caption Grenade yatewe aho badandariza ivyuma vy'imodoka

Abantu 26, harimwo icenda bababaye cane bakomerekeye mu gitero ca grenade muri zone Buyenzi, mu gisagara ca Bujumbura.

Muri abo bakomeretse, harimwo umupfasoni umwe n'abana babiri.

Ico gitero kibaye igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ibiri.

Inkuru zitangwa n’ababibonye, zivuga ko uwayiteye yari kw’ipikipiki ariko ararengana hagati y’ibarabara rya gatatu n’irya kane, abakomeretse bakaba bari bagiye kuraba ico kintu atereye hasi ico ari co.

Grenade yari itekeye mw’isashe

Image caption Aho grenade yaturikiye

Zone Buyenzi irimwo uruja n'uruza rw'inshi kuko ni hari ibibanza vyinshi bakoresherezamwo amamodoka n'ibindi vyuma.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye aremeza izo nkuru zijanye n’ico gitero, akavuga ko bariko bararondera iyo nkozi y’ikibi.

Image caption Ibitero vyo kuri Lumitel na Poste vyakomerekeje abantu bane

Ibitero vya grenade mu gisagara ca Bujumbura vyaheruka mu mpera z’indwi iheze, aho hatewe ku nyubakwa z’ibiri z’amashirahamwe atumatumanako amakuru ya Lumitel na Poste.

Kuva hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, Onu ivuga ko abarenga 400 bamaze kwitaba Imana, abandi barenga ibihumbi 200 bata izabo.