Urwanda rurafise uruhara mu bwicanyi bubera mu Burundi

paul kagame Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida w'Urwanda Paul Kagame

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika, bavuga ko babonye ivyemeza ko reta y’Urwanda ifise uruhara mu mabi amaze imisi akorerwa mu gihugu kibanyi c’Uburundi.

Basigura ko Urwanda rutanga inkoho n’imyimenyerezo ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri ico gihugu.

Uburundi bwagiye mu matati kuva aho prezida Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo kwitoza ubugira gatatu.

Abo bategetsi ba Amerika bavuga ko inkuru bafise bahawe na bagenzi babo bakorera mu makambi y’impunzi mu Rwanda, zivuga ko Urwanda rufise uruharwa mu midurumbanyo ibera mu Burundi.

Ariko arabazwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, umwe muberukira ico gihugu ca Amerika yavuze ko afise inkuru ko impunzi z’abarundi, harimwo n’abana, baronswa imyimenyerezo mu makambi ya gisirikare c’Urwanda, kandi ko bamaze gutana mu mitwe na reta y’Uburundi hakoreshejwe inkoho.

Image caption Prezida Pierre Nkurunziza

Intambara zadutse mu gihugu c’Uburundi mu mwaka uheze inyuma y’aho prezida w’Uburundi avugiye ko azitoza ubugira gatatu.

Ivyo bihugu bibiri bibamwo amoko amwe, hakaba hari ubwoba ko hashobora kwaduka amatati y’amoko muri ako karere.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda yaramaze kwiyamiriza ivyo bivugwa, akavuga ko amakungu ategerezwa yari akwiye kurondera inyishu ya politike izo ngorane, hakurondera uwo bazigereka ku gahanga.