Abarenga 56 bahitanywe na bombe muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Abategetsi bo mu burengero bwa Nigeria bavuga ko abantu barenga mirongo itanu bishwe mu gitero cabaye mw’ikambi y’abateshejwe izabo mu ntara ya Borno.

Abapfasoni babiri bateye ibibombe, uwagatatu arafatwa na polisi, ariko arahakana kubigiramwo uruhara kuko ngo abavyeyi biwe na bo baba muri iyo kambi nyene.

Abantu barenga imiliyoni zizbiri barataye izabo kubera ibitero vyagiye biraba mu myaka itandatu iheze, bigirwa n’abarwanyi ba Boko Haram