Ikibuga c'indege ca Mogadishu muri Somalia catewe

somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Al Shabab yagize ibitero ku kibuga c'indege i Mogadishu

Abarwanyi ba Al-Shabab bagize ibitero bakoresheje amarokete mu gisagara gikuru ca Somalia, Mogadishu.

Ababibonye bavuga ko abo bagwanyi bateye amarokete mw’ijoro ryakeye, kandi ko humvikanye ibintu biturika vyinshi, iruhande y’ikibuga c’indege .

Ariko nta nkuru n’imwe iramenyekana yoba yerekeye abakomeretse, ariko bivugwa gusa ko ingendo z’indege nyinshi zasibijwe.

Ikibuga c’indege za Mogadishu kirarinzwe bikomeye kandi cegeranye n’ikambi y’abasoda b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Izo nteko ibihumbi 22 b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bafashe mu mugongo reta ya Somalia, mu mugambi wayo wo gutuza abarwanyi biyitirira idini rya Islam.

Ibiro vya Onu biri muri iyo kambi co kimwe n’ubuserukizi bw’ibindi bihugu bitandukanye.

Gushika ubu, nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero, ariko abarwanyi ba Al-Shabab bafitaniye ubucuti na Al Qaeda, baramaze kukora ibitero vyinshi vya rokete muri ico gisagara.

Muri ico gihe nyene, haracabandanya amatohoza kw’ibombe yaturikiye mu ndege imwe itwara abantu kw’itariki zibiri uku kwezi.

Iyo bombe yaturikiye mu ndege y’ishirahamwe rya Daallo.umwanya mutoyi ivuye ku kibuga c’indege ca Mogadishu, ihitana ubuzima bw’umwihevyi yari ayifise, bikaba vyatumye iyo ndege isubura kurwa ikitaraganya.

Abantu 15 baramaze gufatwa kubera ico gitero.