Umwaka w'inema mw'ishengero Katolika

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Abapatiri n’abandi bihebeye Imana barenga igihumbi, bahawe ububasha bwo gukura ibicumuro no kubabarira ibicumuro, ari Papa wenyene yahora ubwo bubasha bwo kubabarira, batanguye gutemberera ibibanza vyeranda bitandukanye kw’isi bikaba vyari bari biyemeje mu guhimbaza umwaka w’inema y’ishengero.

Abo bihebeye Imana batoranijwe na Papa Francis bahawe uruhusha rwo kuja kure cane no mu bibanza vyinshi, harimwo gushika muri Australia bakoresheje amamodoka, izindi ngendo zikaba zizokorwa muri Canada.