Cumi baraye bakomerekejwe na grenade mu Burundi

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatati yadutse kuva mu kwezi kwane amaze guhitana ubuzima bw'abantu batari bake

Ivyo bitero vyagizwe muri zone Kamenge iri mu buraruko bw’igisagra ca Bujumbura, abahakomerekeye harimwo abapolisi 2.

Mu bumanuko bw’igisagara, muri zone Musaga, humvikanye amasase mw’ijoro.

Igipolisi kivuga ko caciye kija gusaka iyo zone muri iki gitondo, aho catoye catoye inkoho zitatu n’amasase ataramenyekana igitigiri.

Hari n’abantu cumi baciye bahagarikwa.

Image caption Igitero co mu buyenzi cakomerekeje abantu 26

Ku wa kane ku murango, hari hatewe grenade muri zone Buyenzi hagati mu gisagara ca Bujumbura, ikomeretsa abantu 26, harimwo umupfasoni umwe n’abana babiri, icenda muri bo bakaba bari bababaye cane.