Clinton na Sanders bishuranye bikomeye kubiraba Obama

america Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hillary Clinton na Bernie Sanders ni bo basigaye baharanira guserukira abademocrates mu matora ya prezida wa Amerika

Abashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republicains, Hillary Clinton na Bernie Sanders, bishuranye bikomeye kuvyerekeye Prezida Obama mu kiganiro co guharira ca mbere kuva habaye amatora I New Hampshire.

Umupfasoni Clinton yerekanya ko ashigikiye ivyakozwe ku ntwaro ya Obama, aca akarira Sanders kuba yubahutse kumunenga.

“ Ukunegura nguma nagumye numva kuvugwa na Sanders, nari niteze ko kokorwa n’abayoboke b’umugambwe w’aba republicains,” ni ko Clinton yavuze.

Umupfasoni Clinton yasubiyemwo ingene ari abagenzi na Obama, akundwa cane n’imigwi y’abantu bake muri Amerika, cane cane abirabure.

Sanders ku rundi ruhande yagerageje kwerekana ubutumwa bwiwe ko ashaka ko haba isaranganya ry’ubutunzi no gufasha abanyamerika b’abirabure.