Somaliya: Al-Shabab yigambye igisasu mu ndege

Uwufise ububasha kw’isanamu Harun Maruf
Image caption Umwobo munini wacukuwe hafi y'ibaba kubera igisasu

Mu itangazo yasohoye mu buryo bw’ubutumwa bunyuze ku murongo wa internineti, al-Shabab yavuze ko igitero cyari icyo kwihorera kubera ibikorwa by’ubutasi bukorwa n’ibihugu by’Iburayi muri Somaliya.

Indege ya kompanyi Daallo yo mu bwoko bwa Airbus 321 yari itwaye abagenzi 74 yaguye igitaraganya mu murwa mukuru Mogadishu nyuma y’uko igisasu giturikiye, indege imaze igihe gito itsimbuye.

Umuntu umwe, ukekwa kuba uwateye igisasu, yaturikijwe nacyo ava mu ndege.

Ibindi kuri iyi nkuru