Abantu babiri baraye bishwe mu Burundi

Image caption Umuvugizi wa polisi mu Burundi, Pierre Nkurikiye.

Umwe muri abo bitavye Imana yarasanzwe ari umukuru w'umutumba wa Gacimbirigongo, uwundi nawe yari mu mugambwe uri ubutegetsi.

Musitanteri wa komine Gisozi, Celestin Nsingirankabo, yabwiye BBC ko hari igihe c'isaha zitatu z'ijoro igihe abantu batanu bitwaje ibirwanisho bambaye impunzu z'igipolisi na gisirikare batera ku musozi kibimba.

Abo bitwaje ibirwanisho ngo baciye ku muhana wa buri umwe muri abo baraye bishwe bahamagara amazina yabo, babakura mu mazu mu nyuma barabarasa.

Celestin Nsingirankabo, avuga ko ubwo bwicanyi bushobora kuba bufitaniye isano n'imvo za politique, no mu guhunga ngo abo bitwaje ibirwanisho nta kintu na kimwe bagiye basahuye.

Mu gipolisi c'Uburundi baremeza ayo makuru bakamenyesha ko amatohoza amaze gutangura.

Hagati aho mu kiganiro n'abanyamakuru kuri uyu wa gatanu, umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye, yamenyesheje ko kuva kw 'itariki 3 gushika ku wa 12 za k'uno kwezi kwa kabiri, abantu 6 harimwo abana babiri bishwe, 60 na bo harimwo abapolisi babiri n'umusirikare umwe barakomereka mu bitero vy' abantu bitwaje ibirwanisho ahenshi hatewe ama grenades ku mugwa mukuru Bujumbura.

Kuva mu mpera z'ukwezi kwa Kane k’umwaka uheze hatanguye imyiyerekano y'abiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Pierre Nkurunziza, LONI ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kwitama Imana, abarenga ibihumbi 200 bata izabo.

Ibindi kuri iyi nkuru