Misiri: Urukiko rwaburijemo igihano cy'umupolisi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urupfu rwa Shaimaa al-Sabbagh's rwabaye imbarutso y'akumiro muri Misiri no ku isi

Urukiko ruruta izindi muri Misiri rwatesheje agaciro igihano cy’imyaka 15 y’igifungo yakatiwe umupolisi waregwaga kurasa umuntu wigaragambyaga.

Urubanza rusubiwemo rwategetswe kuba nyuma y’urupfu rwa Shaimaa el-Sabbagh mu kwezi kwa Mbere kwa 2015.

Amashusho y’uwo muntu yagaragajwe apfira ku muhanda I Cairo yabaye imbarutso y’imyivumbagatanyo mu Misiri ndetse no ku isi hose.

Madamu Sabbagh yari ari kumwe n’impirimbanyi z’uburenganzira bwa kiremwa muntu bigaragambirizaga mu ruziga rwa Tahrir bizihiza impinduramatwara yahiritse perezida Hosni Mubarak ku butegetsi.