Umwe yapfuye, 32 barakomerekera mu bitero vya grenade i Bujumbura

bujumbura attack
Image caption Kuri Station Interpetrol hakomerekeye abantu umunani

Umuntu umwe ni we yitavye Imana, abandi 32 barakomereka mu bitero vya grenade mu gisagara ca Bujumbura, benshi bakaba bakomerekeye kw'isoko kwa 'Siyoni', ahakomeretse abashika 18.U

Uwo yitavye imana yari umwana w'imyaka 11, na we nyene yari kw'isoko kwa Siyoni.

Ahandi hakomerekeye abantu benshi ni kuri station y’ibitoro ya Interpetrole iri imbere y'ikibanza citiriwe ukwikukira, ahakomerekeye abantu umunani, harimwo batatu bababaye cane.

Abari muri ico kibanza bavuga ko babonye ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, baca bumva kiraturitse.

Muri zone Buyenzi, grenade na yo nyene iri mu kamwanya, yatewe imbere ya banke ya BCB, hakomereka umuntu umwe.

Muri zone Ngagara, grenade yatewe kw'irembo ry'ikambi y'igipolisi gicungera inzego, API, ikomeretsa umwana w'umwigeme w'imyaka 10, yariko ararengana.

Ahandi hatewe ni muri zone Rohero, hakomereka abantu bane harimwo abagore 2.

Image caption Umushikiranganji w'umutekano mu gihugu Alain Guillaume Bunyoni avuga ko ari ibitero vy'iterabwoba

Umushikiranganji w'umutekano w'umutekano mu gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, yishikiye ahabereye ivyo bitero, aca avuga ko ari ibitero vy'iterabwoba.

"Ibi n'ibitero vy'iterabwoba, Uburundi bwariyemeje kurigwanya, haba mu Burundi no mu bindi bihugu. Turagabishije abari inyuma y'avyo ubwa nyuma, ko tugiye kubahagurukira," ni uwo mushikiranganji yabwiye abamenyeshamakuru.

Izo grenade zatanguye guturika isaha zibiri n’igice zo mu gitondo, zimara ikiringo kitarenga isaha.

Umuntu umwe ni we amaze guhagarikwa kugira ngo abazwe ivyerekeye ivyo bitero.

Mu kiringo kitarenga imisi cumi, abana bane ni bo baguye mu bitero vya grenade.

Mu gisagara ca Bujumbura, kuva itaraiki 3 z'ukwezi kwa kabiri gushika itariki 14, abantu indwi ni bo bishwe mu bitero vy'amagrenade, 60 barakomereka, benshi muri bo bakaba ari abapfasoni n'abana, nk'uko bishikirizwa n'ubushikiranganji bujejwe umutekano.