Ingorane z'ibibazo byo mu mutwe mu Burundi

Image caption Ku bitaro by'abafite ibibazo byo mu mutwe mu Kamenge

Ibibazo vy’umutekano biri mu Burundi bituma indwara zo mu mutwe ziyongera canke zigora kuvura. Ivyo bivugwa n’abakora ku bitaro vy’abarwaye bene izo ndwara mu Kamenge i Bujumbura, ibitaro bikuru vyonyene igihugu gifise ariko navyo nyene bitagira abaganga b’abahinga.

Hari ubwoba mbere ko ingorane ziheze abagwaye indwara zo mu mutwe bashobora kuzokwiyongera.

Ku bitaro vy’indwara zo mu mutwe mu Kamenge hazwi cane nko kwa Legentil, ku bitanda 160 vyo kuryamika abarwaye, ubu hari abarenga ijana, ibivuza bataha nabo ku mwaka barenga ibihumbi 11 n’urugero rw’abashika 30 ku munsi ku munsi.

Major Angelus Nindereye ni umuganga azorangiza ivyigwa vy’indwara zo mu mutwe muri 2017 muri Senegal.

Muri iyi minsi akaba ariko arakora imyimenyerezo aho kwa Legentil, aho afasha gusuzuma abarwayi. Avuga ko amaze kubona ko abarwayi ari benshi.

Ivyo bitaro bita kwa Legentil ni vyo vyonyene bikuru birangwa mu gihugu n’ubwo hari ayandi mavuriro y’indwara zo mu mutwe i Gitega n’i Ngozi.

Ariko n’ivyo bitaro nta muhinga yigiye ivy’indwara zo mu mutwe bifise. Uretse uwo Angelus Nindereye azorangiza mu mwaka uza, umuhinga umwe arangwa mu Burundi akora ahandi.

Image caption Abategereje gusumwa

Uretse ikibazo c’abaganga bagerageza gutorera inyishu uko bashoboye, ingorane z’ababibutura nazo zituma akazi kabo kagorana gusumba.

Ico kibazo c’ubukene kiragaragara ushitse aho kwa Legentil.

Hari abatari bake bahejeje kuvurwa ariko batarataha kuko batararonka amafaranga yo kuriha ibitaro.

Abandi bakabura amafaranga akwiye yo kugwatiriza imbere y’uko bemera kubakira

Kandi aho rero abahinga babigendereje bavuga ko mu minsi iza, abarwaye indwara zo mu mutwe bashobora kwiyongera gusumba.

Icofashije kugira ibitaro nko kwa Legentil ntibirengerwe canke ngo abantu bafate igendo ndende babigana ni uko hoba umugambi w’igihugu w’uko mu bitaro vyose hoba igisata co kwitaho bene abo barwayi nibura mu bihe vya mbere.

Uwo mugambi gushika nawo ntawurajaho.

Ibindi kuri iyi nkuru