Amakete yerekana ubucuti bwa Papa Yohani Paul II n'umupfasoni umwe

popa john paul II Uwufise ububasha kw’isanamu Photograph provided by Bill and Jadwiga Smith
Image caption Papa Yohani Paul II na Tymieniecka imbere y'ihema

Amakete amajana n’amajana n’amafoto avuga kahise ka Papa Yohani Paul wa kabiri ku bucuti bari bafitaniye n’umupfasoni yubatse, bwamaze imyaka irenga 30, vyerekanywe kuri BBC.

Amakete yarungikiwe umunye Pologne afise ubwenegihugu bwa Amerika, akaba n’umu philosophe Anna-Teresa, yari yaranyegejwe abantu mu budandarizo bw’ibitabo muri Pologne haraheze imyaka n’imyaka.

Bije kwerekana iyindi sura y’ubuzima y’uwo mutegetsi wa Katolika, yitavye Imana mu 2005.

Ariko nta kigaragaza na kimwe ko Papa yarenze ku ndahiro yiwe y’ubwerentegerwa.

Ubugenzi bwabo bwatanguye mu 1973, igihe Tymieniecha bavugana na Papa, igihe yari Cardinal Karol Wojtyla, yari ahagarariye intara ya Krakow, ku gitabo ca Philosophie uwo mucardinal yari yanditse.

Uwo mupfasoni ico gihe yari afise imyaka 50, yarafashe urugendo rwo kuva muri Amerika gushika muri Pologne kuganira ivyerekeye ico gitabo.

Mu nyuma, abo bantu babiri baciye batangura kuvugana, mu ntango amakete y’uwo mu cardinal yari ayo ku mugaragaro, ariko uko ubugenzi bugenda bwiyongera, ayo makete yagiye aba ayo inkoramutima.

Abo bantu babiri baciye batangura gufashanya kwandika bushasha igitabo c’uyo mu cardinal, kandi barahuye incuro nyinshi, mbere rimwe na rimwe ari bonyene mu gihe umwanditsi w’uyo mu cardinal yaba afise iyindi mirimo.

Kandi baravuganye kenshi cane.

Image caption Ubucuti bwa Papa John Paul II n'umupfasoni Tymieniecka bwatanguye mu 1973

Mu mwaka 1974, yaranditse ko yahora asoma asubiramwo amakete ane mu zo yandikiwe n’umupfasoni Tymieniecka, mu kwezi kumwe kubera zari zifise akamaro cane, kandi zashika ku mushaha”.

Amafoto atari bwigere ashirwa ku mugaragaro zerelkana Karol Wojtyla atekanye cane.

Yaratumiye umupfasoni ngo bajane gutembera no mu karuhuko. Umusi umwe barajanye mu karuhuko aho baba mw’ihema. Ayo mafoto kandi aramwerekana yagiye kumutemberera I Vatican.

Mw’ikete imwe ryo mu 1976, Cardinal Wojtyla yanditse:” Mukunzi Teresa, nararonse ikete zawe zose zitatu, aho wandika ivyerekeye umubabaro, ariko nta nyishu naronkeye ayo majambo yawe.”

Yamusiguriye ko ari “ nk’agashimwe kava ku Mana.”

BBC ntirabona ikete na rimwe ry’umupfasoni Tymieniecka, ariko birazwi ko zagurishujwe mu maseerano igihugu ca Pologne n’umupfasoni Tymieniecka mu 2008, imyaka 6 imbere y’uko yitaba Imana.

Ariko ntizari kumwe n’izanditswe na Papa zeretswe BBC.

Cardinal Wojtyla yari afise abandi bagenzi b’abapfasoni benshi, harimwo Wanda Poltawaska, umuhinga w’ingwara zo mu mutwe, bagumye bavugana imyaka irenga mirongo ibiri.

Ariko mu makete yiwe yandikiye umupfasoni Tymieniecka, rimwe rimwe akorwako cane mbere no kugira ingorane y’insiguro y’ubucuti bari bafitaniye.

Papa Yohani Paul wa kabiri, yitavye Imana mu 2005, inyuma yo kurongora ishengero katolika imyaka 27.

Umwaka wa 2014 yashizwe mu beranda.