George Bush yatanguye kwiyamamariza mwenewabo

amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption George Bush yatanguye gufasha imyiyamamazo mwenewabo Jeb Bush

Uwahoze ari prezida wa Amerika, George W Bush, yatanguye imyiyamamazo yo gushigikira mutoya wiwe, Jeb, ubu adahagaze neza mu matora yo kugena uwuzoserukira umugambwe w’aba republicain mu matora y’umukuru w’igihugu.

Yagiranye umubonano n’abakurambere anashikiriza ijambo mu ntara ya Caroline y’epfo, ku musi wa mbere, imbere y’uko haba amatora muri yo ntara ategekanijwe ku musi wa gatandatu.

Ubutegetsi bwa George Bush uranebagurwa n’uwo bahanganye na mwenewabo Donald Trump.

Jeb Bush yari umukuru w’intara ya Florida yakoresheje amahera menshi mu kwiyamamaza ariko nta co arashikako.

Ariko aragerageza gushikira Trump n’umukenguzamateka Ted Cruz batahukanye intsinzi mu ntara ya New Hampshire na Iowa.

Umuryango wa Bush, nturisuka cane mu myiyamamazo ya Jeb, mbere mu mwaka uheze yaravuze ashimitse ko aharanira ico kibanza ubwiwe atishimikije umuryango wiwe.

Ariko mu ndwi iheze,nyina wiwe Barbara Bush umupfasoni w’uwahoze atwara Amerika, George HW Bush, yaramushigikiye.