Taxi moto zirabujijwe hagati mu gisagara ca Bujumbura

burundi taxi moto
Image caption Nta taxi moto n'imwe yemerewe kwinjira hagati mu gisagara ca Bujumbura

Abategetsi b’uburundi bafashe ingingo yo kubuza ama taxi moto kwinjira hagati mu gisagara ca Bujumbura, mu Burundi.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yavuze ko iyo ngingo yafatiwe mu nama y’abategetsi bo mu nzego zo hasi n’abajejwe umutekano, inyuma y’ibitero vya grenades mu gisagara.

“Tumaze kubona ko ari ama taxi moto yunguruza inkozi z’ikibi zitera amagrenades, twafashe ingingo yo kuzibuza kwinjira mu gisagara hagati kuva uyu musi,” uko ni ko Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yavuze.

Iryo tegeko rifata amaquartiers yose yo muri komine Mukaza, iri hagati mu gisagara.

Ku musi wa mbere ibitero vya grenade yahitanye ubuzima bw’umwana umwe, n’abandi barenga mirongo itatu bakomeretse.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryasubiye gusaba ko haba ibiganiro bihuza abarundi.