Kidjo yatsindiye agashimwe ka Album nziza y'umwaka

grammys
Image caption Angelique Kidjo

Umunye Benin, Kidjo yatsindiye agashimwe ka Grammys I Los Angeles, k’umuririmvyi yagize urukurikirane rw’indirimbo rwiza rw’umwaka.

Uwo muririmvyi aba I New York, yatsindiye ako gashimwe kubera umugwi wiwe wa Philhamonique.

“Nshaka gutura aka gashimwe ka Grammy abaririmvyi bose b’akaranga muri Afrika, mu gihugu canje, hamwe n’abakiri bato bose,” ni ko Kidjo yavuze.

Urukurikirane rwiwe rwaje imbere y’urwo muri Malawi, Zomba Prison Project hamwe n’urwo muri Afrika y’epfo, Landysmith Black Mambazo.

Kidjo, umwe mu baririmvyi bazwi cane muri Afrika, yatsindiye ako gashimwe imyaka ibiri ikurikirana.

Urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo zo muri Afrika n’injano y’umuziki w’ikizungu, umuvango Kidjo yagumye agerageza kenshi.

Kidjo avuga ko urwo rukurikirane rwerekanye uko abanyemuziki bo muri afrika bagerageza gukura inzitizi y’ubuhinga, bitandukanye n’abanya Buraya bamaze gushika kure.

Uwo muririmvyi yakoranye umwanya muremure na Philip Glass, umwanditsi w’indirimbo muri Amerika aza imbere, avuga ko Afrika iriko iratera imbere.

“Afrika imeze neza, Afrika ifise akamwemwe,” ni ko yavuze ahejeje kwakira ako gashimwe.

Uwo mupfasoni w’imyaka 55 yavuze ko yemera ko umuziki ushobora guhuza isi kandi ugafasha mu gukwiragiza amahoro.