Akamo ko guhagarika akazi kitabwe muri RDC

rdc
Image caption Amashure, amabanke, amaduka n'amasoko vyiriwe vyugaye muri RDC

Akamo ko guhagarika akazi(ville morte) katewe n’abatavuga rumwe na reta( dynamique de l’opposition, G7, FAD n’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike, kugira biyamirize ukwanka gutunganya amatora muri RDC kitabiriwe n’abanyagihugu.

Amashure, amabanke amaduka n’amasoko vyose birugaye.

Nta ruja n'uruza rw'amamodoka n'abantu rwagaragara cane mu mabarabara y'i Kinshasa ku mugwa mukuru w'igihugu ca RDC.

Abakorera reta gusa ni bo bakoze kuko bagabishijwe ko uwuzosiba azobazwa impamvu, kandi ko ashobora guca yirukanwa mu kazi.

Bitegekanijwe ko ikiringo c’umukuru w’igihugu ca RDC, Joseph Kabira Kabange, kirangirana n’uyu mwaka, ariko abatavuga rumwe na reta bavuga ko abategetsi bakwega ibirenge mu gikorwa co gutegura amatora.