Ibitero ku bitaro ni ivyaha vyo mu ntambara

syria Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ibisigarira vy'ibitaro vyakoreramwo MSF mu ntara ya Idlib

Ubufaransa na Turkia bavuze ko ibitero vyo mu kirere ku bitaro mu buraruko bwa Syria ari ivyaha vyo mu ntambara.

Abantu bashika 50 biciwe mu bitero vya Missile ku mashure no ku bitaro, nk’uko bivugwa na UN.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Turkia yagiriza Uburusiya ko ari bwo bwagize ivyo bitero.

Uburusiya nta co burabivugako.

Hagati aho, prezida wa Syria, Bashar al-Assad yerekanye amakenga ku vyerekeye imigambi yo gushira mu ngiro “ ihagarikwa ry’intambara” muri Syria.

Mu ndwi iheze ibihugu vya rutura vyarumvikanye guhagarika intambara muri Syria, bizatangura mu ndwi iza.

Avuga ubwa mbere kuri ivyo vyamenyeshejwe, prezida Assad yavuze ko ihagarikwa ry’intambara nk’iryo ntirisigura ko impande zose zica zishira ibirwanisho hasi.

“Ariko bavuze ko bashaka ihagarikwa ry’intambara mu kiringo c’indwi imwe,” uko ni ko yavuze kuri television.

“Ni nde ashobora gukwiza ibi bintu vyose bisabwa mu kiringo c’indwi imwe?”

Onu ivuga ko urukurikirane rw’ibitero mu buraruko bwa Syria, vyerekana amakenga kw’ikurikizwa ry’ayo masezerano yo guhagarika intambara.

Abantu boba bashika 12 ni bo bishwe I Azaz no mu micungararo y’aho, bikaba bivugwa ko ibitaro n’amashure vyatewe.

I Maarat al-Numan, mu ntara ya Idlib, ibitaro bikoreramwo Medecins Sans Frontieres(MSF), yagizwe ubunywenywe.

Abantu indwi nib o bishwe abandi umunani baraburirwa irengero nk’uko bivugwa nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe rifasha imbabare, aho bavuga ko ico gitero cagizwe cagambiriwe.