Umugera wa Zika watowe mu bwonko

brasil Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption umwana afise umugera wa zika

Ivyemezo bindi bijanye n’umugera wa Zika n’ingene abana baviuka batameze neza vyatowe nk’uko bivugwa n’abahinga bo mu gihugu ca Bresil.

Abo bahinga bo muri kaminuza ya PUC-Parana basanze uwo mugera mu bwonko bw’abana babiri bamaze amasaha 48 gusa.

Uwo mugera uterwa n’imibu utuma abana bavuka bafise imitwe mitoya hamwe n’ubwonko bwononekaye.

Bresil ifise abantu bafashwe n’uwo mugera bashika 460, bakaba bagitohoza abandi bafise 3,850.

Image caption Zika

Umugera warakwiragiye mu karere ka Amerika y’epfo, ariko Bresil ni yo ibangamiwe cane.

Abahinga babwiye BBC ko ibipimo vyafashwe ku bwonko bw’abo bana babiri, vyerekanye ko iyo migera ya zika yari igikomeye muri ubwo bwonko.

Abo bahinga bahora bakurikirana imbanyi z’abapfasoni cumi mu ntara yo mu buraruko bushira ubuseruko ya Paraiba, igira kabiri mu zirimwo uwo mugera mwinshi.