Umushingamateka wa Zimbabwe yaciye umuhigo mu gusomana

zimbabwe
Image caption Umushingamateka Joseph Chinotimba Zimbabwe

Umushingamateka umwe wo mu gihugu ca Zimbabwe, Joseph Chinotimba azokwibukwa cane muri Afrika inyuma y’aho asomeye umupfasoni wiwe Vimbai, umwanya muremure cane utari bwigere ubaho ku mugabane wa Afrika.

Uwo mushingamateka n’umupfasoni wiwe batwaye ako gashimwe inyuma yo gusomana mu kiringo c’imino 10 n’amasegonda 17.

Image caption Umushingamateka Joseph Chinotimba Zimbabwe n'umupfasoni wiwe

Uwo muhigo yawuciye mu birori vyo guhiganirwa “ gusomana umwanya muremure utari bwigere ubaho ku mugabane wa Afrika” Iryo higanwa ryateguwe bafashijwe n’abashinzwe kurndera imihigo ku mugabane wa Afrika.

Iryo higanwa kandi ryabereye mu gisagara gikuru ca Harare, ahahora hahimbarizwa umusi mukuru w’abakundana wahimbajwe ku w’Imana.