Bane bakomerekeye mu gitero ca grenade muri zone Ngagara

burundi violence
Image caption Mu ndwi zidashika zibiri, abantu umunani baramaze kuzira ibitero vya grenade, abababa ijana na bo barakomereka.

Abantu bane ni bo bakomerekeye mu gitero ca grenade kigizwe muri kano gatondo ku gituro c'imodoka zunguruza abantu za Otraco i Bujumbura mu Burundi.

Igipolisi kivuga ko uwateye iyo grenade yariko aragenda n'amaguru, aca ahungira muri quartier 6 muri zone Ngagara iri muri komine Ntahangwa.

Igipolisi kimenyesha kandi ko babiri bikekwa ko ari bo bateye iyo grenade bamaze guhagarikwa, ngo bakaba babafatanye n'iyindi grenade imwe.

Icegera c'umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Moise Nkurunziza, yamenyesheje kandi ko umuntu akekwa ko ari we yaari amaze imisi akerera abantu, abana bo mw'ibarabara n'abanyezamu, mu gisagara ca Bujumbura, na we nyene yahagaritswe.

Mu kiringo kidashika indwi zibiri, abantu 8 umunani ni bo bamaze guhitanwa n'ibitero vya grenade, abababa ijana na bo barakomereka.

Image caption Umushikiranganji w'umutekano Alain Guillaume Bunyoni avuga ko ivyo bitero ari ivyo iterabwoba

Ku wa mbere, umushikiranganji w'umutekano mu gihugu, Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko ivyo bitero vya grenade ari ivyo iterabwoba agabisha ababigira ko bagiye kubakenyerera.

Hari n'inkuru zivuga ko hazindutse imisako mure amwe mu mazone yo mu Gisagara ca Bujumbura.

Mu gipolisi bavuga ko abari bafashwe 29 muri zone Cibitoke kuri uyu wa kabiri baciye barekurwa ejo nyene, ariko babahanura kurondera ibibaranga.

Ku wa kabiri, abasore batanu bavuga ko bahora bari mubahora batera umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, barishikanye ku bajeje umutekano muri zone musaga, bafise n'ibirwanisho bahora bakoresha.