Ikambi ya Boko Haram yatewe muri Nigeria

nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu Nigeria Army
Image caption Ikambi ya Boko Haram

Igisirikare ca Nigeria kivuga ko cateye ikambi y;abarwanyi ba Boko Haram mu bigwati vya Doro na Kuda mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Borno.

Abarwanyi bane b’uwo muhari bishwe abandi babiri barafatwa, mu bitero vyabaye mu mashamba yo mu karere ka Alagarno na Sambisa, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa gisirikare Col Sani Usman.

Uwufise ububasha kw’isanamu Nigeria Army
Image caption Abasirikare ba Nigeria

Abasirikare batatu n’abanyagihugu bane bakomeretse muri izo ntambara, nk’uko abandanya abivuga.

Bahasanze amapikipiki, ifarasi n’ingamiya muri iyo kambi.

Umuhari wa Boko Haram uramaze gutakaza akarere kanini wari warigaruriye, ariko uracagira ibitero vy’abiyahuzi.